Inama ya EAC na SADC i Dar es Salaam: Tshisekedi na Kagame ntibagihuye amaso mu yandi

Inama rusange y’abakuru b’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’Ubuseruko n’ishirahamwe rihuza ibihugu byo muri Afrika y’ubumanuko yatanguye mu gisagara ca Dar es Salaam muri Tanzania, mu ntumbero yo gutorera umuti intambara yo mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo.

Vyari vyitezwe ko Perezida Felix Tshisekedi ahura amaso mu yandi na Perezida Paul Kagame w’Urwanda ariko ayitaba akoresheje ubuhinga bwa videwo, ahubwo akaba yarungitse umushikiranganji wa mbere Judith Suminwa.

Perezida Kagame wewe ni ho ari, mu gihe Perezida Evariste Ndayishimiye w’Uburundi, igihugu carungitse ingabo gufasha reta ya Congo kurwanya inyeshamba, na we yaserukiwe n’umushikiranganji wa mbere.

Mw’ijambo ryiwe, Perezida Samia Suluhu Hassan wa Tanzania – ari na co gihugu cakiriye iyi nama y’akarere – asaba impande zishamiranye kuja mu biganiro.

Ati: “Dusaba impande zose zishamiranye mu ntambara ya Repubulika ya Demokarasi ya Congo kwitaba ibiganiro mu bugwaneza, gushira imbere ineza y’abanyagihugu bayo no kwiyemeza kubana mu Mahoro”.

Asaba aba bategetsi b’akarere gutorera umuti iyi ntambara, akagabisha ko ari nka hamwe bonanirwa, kahise kazobacira urubanza rukomeye.

Ati: “Nk’abarongozi b’akarere, kahise kazoducira urubanza rukomeye nitwarera amaboko turaba gusa ingene ibintu biriko birayangara uko bukeye uko bwije.

Kandi nk’uko biri mu civugo ngo inyishu nyafrika ku ngorane za Afrika, ibihugu vyacu bifise inshingano rusangi yo gukora uko dushoboye mu gutorera umuti vuba bwango ingorane z’umutekano muke zihari, zagize ingaruka zikomeye ku mibereho myiza y’abasivire ataco bazira”.

Hari ukwinubana gukomeye hagati ya Kigali na Kinshasa, aho Perezida Tshisekedi yagiriza Urwanda ko ari rwo rushigikiye inyeshamba za M23 zimaze kwigarurira uturere tutari duke mu buseruko bwa Congo, harimwo n’igisagara ca Goma, umugwa mukuru w’intara ya Kivu ya Ruguru.

Ku rundi ruhande, Kigali yagiriza reta ya Congo ko ikorana n’inyeshamba za FDLR zirwanya ubutegetsi bw’Urwanda, ivyo reta ya Congo ivuga ko ari ivyitwazo.

Urwanda ruherutse kwiyamiriza ingabo za SADC muri Congo ruvuga ko atari ingabo zarungitswe ngo zibungabunge amahoro, ko ahubwo ari ingabo zifise uruhara mu “bitero” vyo gufasha reta ya Congo “kurwanya abanyagihugu bayo”.

Tshisekedi avuga ko adashobora kuganira na M23, ahubwo agasaba ko Urwanda ruva ku butaka bw’igihugu ciwe, rukongera rugafatirwa ibihano.

Mu gihe ishirahamwe EAC risaba ko haba ibiganiro hagati yar eta na M23, SADC ishigikira ibisabwa na Kinshasa ko Urwanda rutahukana ingabo zarwo.

Source: BBC

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *