AFC/M23 yahagaritse kuja mu biganiro i Luanda na leta ya Kinshasa
Mu gihe hari hasigaye amasaha make ngo ibiganiro vyari vyatangajwe hagati y’intumwa z’umuhari AFC/M23 n’intumwa za leta ya Kinshasa, bimaze kumenyekana ko intumwa z’uwo muhari zitakigiye Luanda.

Ibiganiro bvy’i Luanda vyari biteganyijwe gutangura ku wa kabiri, vyari vyafashwe nk’impinduka ikomeye muri iki kibazo ishobora kugeza ku gisubizo, nk’uko abategetsi b’ibihugu bakomeje kubisaba no kubivuga, na burya ubutegetsi bwa Kinshasa bwaratangaje ko butazigera buganira n’umutwe wa M23.
Itangazo ryagaragaye ku rubuga X (yahora ari Twitter) rw’umuhari AFC/M23 rigaragaza ko umukuru w’urwo runani yari yamaze kugena abazoserukira muhari M23 bamaze kugenwa.
Benjamin Mbonimpa, umunyabanga ntayegayezwa, ari nawe yari kube ayoboye intumwa za M23,
-John Muhire,
-Doudou Tikaileli,
-Cedric Piema,
-na Colonel Dieudonne Padiri.
Ariko mu nyuma, kuri urwo rubuga nyene rwa AFC/M23, habonetse irindi tangazo ryashizweko umukono na Lawrence Kanyuka, umuvugizi w’urwo runani, ritangaza ko M23 ibabajwe no kubona ibikorwa vya amwe mu mashirahamwe mpuzamakungu bitambamiye umugambi w’amahoro muri Republika ya demokarasi ya Congo mu kuburizamwo ‘ibiganiro vyari vyitezwe cane’.
AFC/M23 ikavuga ko ibi bica biha inkigi perezida Felix Tshisekedi Tshilombo, yo ‘kuguma asombora intambara’.
Ikindi kandi AFC/M23 iravuga ko igize icabona amakungu n’igihugu cose kuri ico kibazo c’uko ubutegetsi bwa Kinshasa bukomeza gusombora intambara, aho yemeza ko ibirindiro vyayo vyatewe ibisasu ‘hakoreshejwe indege na drones’.
Iryo tangazo rirangiza rimenyesha ko kubera izo mpamvu zose bitagikunze ko M23 yitaba ivyo biganiro
Ibihano vy’Ubumwe bwa Bulaya ku bantu bo muri M23 n’abo mu Rwanda
Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’ibihugu vya Buraya (Union Européenne) ryafatiye ibihano abantu icenda barimwo abasirikare bo mu ngabo za M23 n’Urwanda hamwe n’aba sivire iryo shirahamwe rivuga ko bafise uruhara runini mu ntambara iriko iraba mu buseruko bwa Repuburika ya Demokarasi ya Congo.
Hari na kompanyi imwe yafatiwe ibihano.
M23 iherutse gufata imiji ya Goma na Bukavu, imirwa mukuru z’intara za Kivu ya ruguru n’iy’epfo, ikaba kuva mu mpera za 2021 yongeye kuvyura umutwe imaze kwigarurira n’ibindi bice vyinshi cane cane vya Kivu ya Ruguru.
ONU, Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’Ishirahamwe rya Buraya vyagiriza Urwanda gushigikira uwo mugwi.
ONU ivuga ko Urwanda rwarungitse ku rugamba muri Congo ingabo zigereranywa mu 4.000. Reta y’Urwanda irahakana uruhara muri iyo ntambara, ivuga gusa ko ifata ingingo zo gukingira igihugu ingaruka kigirwako n’iyo ntambara.
Ku ruhande rwa M23 abafatiwe ibihano barimwo:
Bertrand Bisimwa, umukuru w’ishami rya politike mu runani AFC rurimwo M23 akaba n’umukuru wayo
Colonel John Nzeze ajejwe igisata c’igendereza muri M23
Colonel Joseph Bahati Musanga, azwi nka Colonel Bahati Erasto, aherutse kugenwa kurongora intara Kivu ya Ruguru na M23. Asanzwe kandi ari umujenama wa Général Sultan Makenga arongoye ingabo za M23.
Ku ruhande rw’igisirikare c’Urwanda ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya abo ryafatiye ibihano ribagiriza gufasha umuhari wa M23 mu vya gisirikare, ni:
Général Major Ruki Karusisi batazira Rocky yahora arongoye ingabo zidasanzwe (Special force) amabanga aheruka kuvanwamwo no gusubirizwamwo mu ndwi iheze
General Major Eugène Nkubito, na
General de Brigade Pascal Muhizi. Ubumwe bwa Buraya abo babiri buvuga ko bari mu barongoye ingabo z’Urwanda zagiye gufasha M23 mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo.
Mu bandi bafatiwe ibihano harimwo abasivile b’abanye Congo n’abanyarwanda Ubumwe bwa Buraya bwagiriza kwegeranya uburyo n’abarwanyi.
Ku ruhande rwa M23 harimwo Désire Rukomera, Ubumwe bwa Buraya buvuga ko ajejwe icengerzamatwara (propagande) muri uwo muhari.
Hari na Jean Bosco Nzabonimpa Mupenzi ajejwe igisata c’ubutunzi mu muhari M23.
Ku ruhande rw’Urwanda mu basivile harimwo Francis Kamanzi arongoye ishirahamwe rya reta y’Urwanda rijejwe ubutare n’ibikomoka ku bitoro na gaz (Rwanda Mines, Petroleum and Gas Board) hamwe n’ishirahamwe Gisabo Golf Rifinery rikora mu rudandazwa rw’inzahabu rifise icicaro i Kigali.
Ryagirizwa urudanzwa rwa magendo rw’ubutare burwiriyemwo inzahabu Ubumwe bwa Buraya buvuga ko busahurwa muri Congo mu birombe vy’uburere bwigaruriwe na M23 ifadikanije n’Urwanda.
Ubumwe bwa Bulaya buvuga ko ibihano abo bose bafatiwe ari ifatirwa ry’ubutunzi bafise ku mugabane wa Bulaya no kubuzwa kugira ingendo mu bihugu bigize iryo shirahamwe.
Itangazo rimenyesha ivyo bihano rivuga ko ni vyaba ngombwa n’izindi ngingo zizofatwa kuri uwo wese yagirizwa ico Ishirahamwe rya Buraya ryise ‘kuvogera ubusugire’ bwa Republika ya Demokarasi ya Congo.

