Leta y’u Burundi ikomeje gukurikirana inkozi zikibi hamwe n’abahunganya umutekano

Reta y’u Burundi irongowe n’umukuru w’ igihugu EVARISTE NDAYISHIMIYE ikomeje kwagiriza igihugu gituranyi cy’u Rwanda ko arirwo rubitse abantu bagerageje gutembagaza ubutegetsi 2015 n’utugwi duhungabanya umutekano mu Burundi.

Ubutegetsi bw’u Burundi bwagiriza u Rwanda ko arirwo rubahaye indaro, umukuru w’igihigu c’u Burundi ntahema kuvuga ko umuntu wese afise ico yagirizwa ategezwa gufatwa agashikirizwa ubucamanza.

Murabo harabamaze gufatwa baraciriwe imanza abandi baraburiwe irengero, Abarundi benshi bakomeza kwibaza igituma hahoraho urutonde (liste y’abantu ) bagirizwa guhungabanya umutekano batarafatwa ngo bashengezwe abarundi bakavuga ko aribo batera ama grenade mugisagara ca Bujumbura.

Abamenyekanye cane harimwo uwitwa Mugisha Arsène aba kumusaga,ariko amakuru dukura mu nzego z’igihugu zishinzwe umutekano avuga ko Murabo barondegwa hari abamaze guhunga igihugu bakomezwa gurondegwa iyo bagiye kwinyegezwa.

Abavuzwe cane harimo Gen Niyombare Godfrey wahungiye mugihugu cy’ibanyi c’u Rwanda.

Hussein Rajab watorotse ibuhero rikuru rya Mpimba.

Undi urondegwa ni Niyonkuru Hassan nawe bavuga ko yibera mugisagara cya Kigali.

Abandi barondgwa na Leta y’u Burundi baba mugisagara cya Nyamirambo mu Rwanda, nabahoze barongoye umugwi ukina umupira w’amaguru mu Burundi Inter star.

Kugeza ubu umukuru w’igihugu c’u Burundi ahora yagiriza u Rwanda ko arirwo rwagabye ibitero rukoresheje inkozi z’ikibi rucumbikiye.

Abarundi bamwe na bamwe bahungiye mu Rwanda bandikiye HANGA NEWS, batabariza mugenzi wabo Mugisha Arsene bamutanariza kuko batazi irengero ryiwe,kuko uyu Mugisha Arsene nawe yahora yagirizwa guhungabanya umutekano mu Burundi.

Ubwanditsi : tariki ya 20/1/2025

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *